UMWAMI NIWE ADUTUMIRA
Indirimbo n° 73
1. Umwami niw’adutumira, Kuj’ah’ubwokobwiwe buri, Azosanga tumeze dute ? Ah’azozira,
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
2.Tuzokwambikirway’ ingori, Uwaducunguye yimitswe, Tuzohoran’ ibihe vyose ah’azozira.
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
3.Nk’uk’umuravy’urabagiza,
Nikw’azokwerekana vyose,
Azerekan’ivyo twakoze, ah’azozira,
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
4. Azonezerw’abony’abiwe Bambay’imyambaro yera de, Ni twanesha tuzonezerwa, ah’azozira.
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
5. Mwami ni wewe twizigiye, Utwigishe kukwitegura, Ntituzotinye kukubona, ah’uzozira
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
Umusi w’Imana n’uwuhe?
Dimanche ?
canke
Isabato?
N’uwahe musi ari Isabato ?
Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw’abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; ariko abagize ubwenge bazobitahura
(Dan 12:10)
Ugusemerera kwa bwenge
Imana Data wa twese ntiyigeze ishiraho umusi w’ikiruhuko w’akagwi kamwe k’abantu canke ihanga rimwe. Abayuda bahawe isabato co kimwe n’ayandi mabwirizwa ngo babe abazigamyi bayo, no kuyamenyesha isi yose
mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik'ugira indwi n'isabato yo kuruhuka bihebuje, n'ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n'isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose. (Lew 23:1-3)
Kur'uwo musi nyene muze mutangaze kw’ar'umusi mukuru: muze muwugire uwo gukorana kwera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: iryo rize ribabere ibgirizwa ry'intahava mu ngo zanyu zose no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana. (Lew 23:21)
Uwo musi uze wame ubabera isabato yo kuruhuka bihebuje, muze mwame muwibabazako: ico n'icagezwe c'intahava.
(Lew 16:31)
Isabato n’ibwirizwa ry'intahava
Isabato icibutso c’irema
Raba icatumye Imana itanga isabato
Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa, bo n’ibirimwo vyose vy’isinzi. Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze, iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo yakoze vyose. Nukw’Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw’ari wo Imana yaruhukiyemw’ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze (Ita 2:1-3).
Kuki abantu benshi baruhuka Uwamungu none?
Ukuri kwashizwe ahabona
na
Cardinal James Gibbons
(1834-1921)
Archevêque Catholique de Baltimore - USA
111,112
Cardinal James Gibbons
Kwizera kw’abakurambere bacu p111-112
Ushobora gusoma Bibiliya kuva mu gitabo c’Itanguriro ukageza mu vyahishuwe, ntaho uzigera ubona umurongo n’umwe wo kuziririza umusi wa mbere w’iyinga. Ivyanditswe vyera bishigikira ko idini ryubahiriza umusi w’indwi.
Impamvu twubahiriza umusi wa mbere w’iyinga (Dimanche) aho kwubahiriza umusi w’indwi (Isabato), ntibishingiye kw’itegeko riboneka.
Uwuzorondera mu vyanditswe
vyera ntazokwigera abonamwo uburenganzira bwo guhindura umusi w’indwi (Samedi) ngo awusubirize uwambere (Uwamungu).
Clovis G. Chapel
Amategeko cumi y’ubuzima p 61
Samedi
Dimanche
1
2
3
4
5
6
7
abato
Ikorowani igizwe nibice 114; imirongo 6238; nindome 323.631. Nta murongo numwe wemeza ko Vendredi ari umusi wera wImana kandi wo kuruhukako.
Ariko irimwo umurongo umwe gusa usaba abaislamu guhagarika ibikorwa vyabo no kuja gusenga vendredi mu gihe bahamagawe. Hanyuma bahejeje gusenga bagaca bisubirira mu bikorwa vyabo kurondera umugisha.
Oh Mwebwe mwizeye! Ni babahamagara gusenga ku musi wa Vendredi, muhagarike igikorwa cose, mwirukange muje gusenga Allah.
Ivyo ni vyiza kuri mwebwe, iyo mubimenya. Maze isenga (Salat) riheze, ni mukwiragire mw’isi murondere umuhezagiro wa Allah kandi musabe cane Allah kugira ngo muronke
(Al-Jumu ah) 62:9-10
Igitabo c’aba islam kivug’iki ku musi w’isabato wo kuruhukako (Juma mosi)
Na kwa yakini mmekwisha kujua (khabari za) wale walioasi miongoni mwenu katika (amri ya kuihishimu) Jumaa mosi. Basi Tukawambia: “Kuweni manyani wadhalilifu.”
Kubera mumaze kumenya inkuru za ba bandi bigumuye muri mwebwe kw’ibwirizwa ryo kuziririza umusi w’isabato. Nuko rero tubabwira duti “ ni mube inkende z’imisega”
QUR’AN 2: 65 (Al Baqarah)
Na waulizeni habari za mji ambao ulikuwa kando ya bahari; (watu wa mji huo) walipokuwa wakivunja (Sheria ya) Jumaamosi (ambayo waliambiwa wasifanye kazi katika siku hiyo, wafanye ibada tu. Na kazi yao ilikuwa uvuvi).
QUR’AN 7:163 (Al’Aaraf)
Ndabaza amakuru y’igisagara cari hafi y’ikiyaga (abantu bo mur’ico) bararenga ibwirizwa ryo kuruhuka isabato aho bari babwiwe ngo ntihagire igikogwa bakora kuri wo, atar’ugusenga gusa. Igikogwa cabo c’ar’uburovyi.
Samaki wao walipowajia juu siku za Jumaamosi zao; na siku isiyokuwa Jumaamosi hawakuwa wakiwajia (hivyo). Basi namna hivyo tuliwatia mtihani kwa sababu ya kuasi kwao.
QUR’AN 7:163 (Al’Aaraf)
Igihe baronka amafi ku misi y’isabato yabo, ku musi atar’isabato ntibazironka gutyo. Nukwo rero twabashize mu kigeragezo kubwo kutumvira kwabo
Hakika (adhabu ya kuvunja taadhima ya) Jumaamosi iliwekwa juu ya wale walioihitilafiana kwa ajili ya hiyo (Jumaamosi), na kwa yakini Mola wako atawahukumu baina yao siku ya Kiama katika yale walihitilafiana.
QUR’AN 16:124 (Bani Israil)
Vy’ukuri, igihano co kutubaha ukwera kw’isabato cashizwe kur’abo batumvikanye kuber’uyo musi w’isabato. Nuk’Umwami wawe azobacira urubanza ku musi w’umuzuko mur’ivyo batumvikanyeko
Sabbat, hébreux schabat
Chez les juifs, repos religieux.
Jour du sabbat ou simplement le sabbat, le septième jour de la semaine, c’est-a-dire le samedi.
DUSABE INSIGURO IBINDI BITABO
Mu bayuda, ikiruhuko co gusenga. Umusi w’isabato, canke mu majambo make, Isabato, umusi w’indwi wo mu ndwi, n’ukuvuga Samedi.
(1: 21)Yezu ari kumwe n’abigishwa biwe baja i Kafarnaumi. Kw’Isabato nyene yo muri nya ndwi, Yezu yinjiye mw’isinagoga atangura kwigisha.
(21)Isabato: iryo zina ryagena umusi w’uguhimbaza Imana mu Bayahudi, wahora ushika ku wa gatandatu w’ubu. Mu bakristu, umusi w’Imana uzoba umusi utwibutsa izuka ry’Umukama.
Injili ntagatifu ya Marko
Ubwuzure bushasha bw’Imana n’abantu
Ndemeye Yezu-Kristu
ko ari Imana yigize umuntu,
n’umukiza w’abantu: Kuki?
Ndemeye Ekleziya
Gatolika: Kuki?
Père NEGRO Giovani
Paroisse de GATARA
D.S 7 BUJUMBURA
BURUNDI
MUKAKARO 1985
Ibwirizwa ry’uguhimbaza umunsi w’Imana kw’ i Dominika, ku musi wa mbere wo mu ndwi
Abisirayeli babwirizwa guhimbaza umunsi w’Imana ku munsi wa gatandatu, witwa umunsi w’i Sabato.
None Ekleziya gatolika ko ihimbaza ku munsi twita « Dominika » ni ukuvuga umunsi w’Imana ari na wo munsi wa mbere wo ndwi, ku munsi abaromani bita « Umunsi w’Izuba » yarahakanye Ijambo ry’Imana ryanditse mu Gitabu ceranda c’Ihunga? Haba na mba.
Ihunga 16,23-Imana yavuze iti: Ejo uzoba umunsi w’ukuruhuka umunsi w’i Sabato, irobanuriwe umukama .
Ubwuzure bwa kera�
Mgr Gervais BANSHIMIYUBUSA�Icegera c’Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga
Ekleziya irazigama amabwirizwa cumi ikayaraba nk’inzira ntangere twogenderako.
Yarahinduye gusa umusi w’isabato, itora ukwirikira ng’ube umusi w’Imana. Ivyo yabigize kugira ngo ishimagize izuka rya Yezu…
Ihunga,20,1-21: Amabwirizwa cumi, P135
Ico dukwiye kumenya!
None wumva akiri
10 kandi bahinduye?
Barubahutse guhindura amabwirizwa y’Imana ?
7/03/321 Niho Abarongozi ba Ecleziya batangaje kumugaragaro ko kuwambere w’Imisi ndwi hasubiriye Isabato
Mu mwaka wa 325, Musenyeri w’i Roma yahinduye izina ry’umusi wa mbere awita « Umusi w’Umwami. »
None Abaporoti baruhuka Dimanche gute ?
« Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera » (Gus 4:2).
Naho Ekleziya yahinduye itegeko ry’Imana, yo n’ubu iracasemerera iti:
Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashirirah'amabgirizwa n'ivyashinzwe n'ivyagezwe, ubitumye umusavyi wawe Mose. (Neh 9:14)
Sinzova mw’isezerano ryanje, Sinzohindura ijambo ryavuye mu nkanwa kanje
(Zab 89:34).
Imana iziyumanganya kuvy’isabato?
Kuk'umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.
Uwavuze, ati Ntugasambane,
ni we yavuze, ati Ntukice. Nuko rero n'utasambana arik'ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe.
(Yak 2:10-11)
… none mweho, n’iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubw’imigenzo yanyu? (Mat 15:3)
ijambo ry'Imana mukaritituza imigenzo yanyu mwigishije: kandi mukora n'ibindi vyinshi ben'ivyo. (Mrk 7:13)
Dukwirikize imigenzo
Bibiliya?
canke
Ivyo Umuntu avuga ?
Bansengera ubusa, Kukw inyigisho bigisha ar'ivyagezwe n'abantu. Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwabgirijwe n'abantu. (Mrk 7:6-8)
Ishengero Gatolika ni ryo ryafashe ingingo k’umusi wa mbere w’iyinga (Dimanche), abakristo bazowusengako bubahiriza izuka rya Yesu.
Twakuze tubibwigwa natwe turemera
Twakuze tubibon’ukwo ntaho twabisomye!
21,Ntwarante,1995
Bishoboka ko ikintu ca mbere co kwubahuka kurusha ibindi, ihinduka riruta ayandi ishengero ryoba ryarigeze gukora ryoba ryabaye mu kinjana ca mbere.
Umusi wera w’Isabato, warahinduwe uvanwa ku musi w’indwi wimurirwa ku wa mbere bidashingiye ku vyagezwe vyo mu vyanditswe, ahubwo ari kubw’ububasha Ekleziya ubwayo yiyumvamwo…
25. UGUSHINGA INTAHE KEWA VYIZIGIRO
Nuko mukristo atangura ati hinge nkubaze ijambo, n’iki cabanje kugutera kwiyumvira kugenda uru rugendo ?
Vyizigiro ati umbajije icabanje kuntera kurondera icokiza umutima wanje ?
Mukristo ati nico nkubajije.
Vyizigiro ati namaze igihe kirekire mpimbarwa n’ibidandanzwa vyashoka mw’isoko yiwacu. Ariko noneho namenyeko iyo nkomeza murivyo vyari kuntera kuranduka.
Mukristo ati vyari ibiki ?
Vyizigiro ati n’ubutunzi bwose bw’iyi si. Nakunda ibiyago bibi, no kuborerwa, no kuvuga izina ry’Imana kuvyubusabusa, no gutukana, no kubesha, no gusambana, no kuzirura isabato n’ibindi nkivyo bitobuze kuarandura ubuzima bwanje.
None Imana yar’izi kw’ivyo bizoba
Canke Vyapfuye gushika?
Umuvugishwa Daniel yari yaravyeretswe mu kigereranyo c’ibikoko, aho yeretswe umwami adasanzwe azobaho.
Kandi ku vy'ayo mahembe cumi, mur'ubgo bgami hazokwadukamw'abami cumi; maze mu nyuma zabo hazoza uwundi mwami; ariko we azogira itandukaniro n'aba mbere, kand'azonesha abami batatu.
Isumba vyose azoyivugako amajambo y’agatituro, kandi azocobogoza abera b’Isumba vyose, azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe (Dan 7:24-25)
Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera Yesu (Ivyah14:12).
Kuk'ugukunda Imana ar'uku, n'uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand' ivyagezwe vyayo ntibigora. (1Yoh 5:3)
Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azinjira mu bwami bwo mw’ijuru atar’ukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba.
Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.
Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we. (1Yoh 2:3,4)
Kuk’umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.
Uwavuze, ati ntugasambane, ni we yavuze, ati ntukice. Nuko rero n’utasambana arik’ ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe
Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo (Yak 2:10-12)
Nzosenga, nubahe ababwirizwa neza, nduhuke Dimanche neza, kuko dukizwa kubw’ubuntu!
Reka tukwibutse
Kuko nk'ukw’ijuru risha n'isi nsha, ivyo nzorema, bizohorah'imbere yanje, ni k'uruvyaro rwawe n'izina ryawe bizohoraho, ni k'Uhoraho agize.
No mw’ijuru tuzoruhuk’isabato
Igihe kizoza uhereye mu mboneko z'ukwezi ukageza mu mboneko z'ukundi, no guhera kw’isabato ukageza ku yindi, abantu bose bazohora baza gusenga imbere yanje, ni k'Uhoraho agize. (Yes 66:22-23)
Ingero y’icaha n’urupfu; (Rom 6:23)
…ariko ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu (Rom 6:23)
Ico Imana yipfuza, n’uko twese tworagwa ubugingo budashira
Amaherezo y’abumira kumigenzo
“Nitegereje abariho bose, bagendagenda musi y’izuba, bikumiye kuruhande rwa wa musore...”
Umusiguzi 4:15
DIMANCHE
DIMANCHE
Mbega urashaka kumvira Imana?
Ngwino
Ngwino kumuremyi wawe
UMWAMI NIWE ADUTUMIRA
Indirimbo n° 73
1. Umwami niw’adutumira, Kuj’ah’ubwokobwiwe buri, Azosanga tumeze dute ? Ah’azozira,
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
2.Tuzokwambikirway’ ingori, Uwaducunguye yimitswe, Tuzohoran’ ibihe vyose ah’azozira.
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
3.Nk’uk’umuravy’urabagiza,
Nikw’azokwerekana vyose,
Azerekan’ivyo twakoze, ah’azozira,
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
4. Azonezerw’abony’abiwe Bambay’imyambaro yera de, Ni twanesha tuzonezerwa, ah’azozira.
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
5. Mwami ni wewe twizigiye, Utwigishe kukwitegura, Ntituzotinye kukubona, ah’uzozira
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
1. Umwami niw’adutumira, Kuj’ah’ubwokobwiwe buri, Azosanga tumeze dute ? Ah’azozira,
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
2.Tuzokwambikirway’ ingori, Uwaducunguye yimitswe, Tuzohoran’ ibihe vyose ah’azozira.
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
3.Nk’uk’umuravy’urabagiza,
Nikw’azokwerekana vyose,
Azerekan’ivyo twakoze, ah’azozira,
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
4. Azonezerw’abony’abiwe Bambay’imyambaro yera de, Ni twanesha tuzonezerwa, ah’azozira.
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.
5. Mwami ni wewe twizigiye, Utwigishe kukwitegura, Ntituzotinye kukubona, ah’uzozira
Icitabirizo :
Mwana wa Data we bite? Ah’Umwam’azoza,
Twebwe tuzomera dute? Ah’azozira.